Jean-Claude Nshimirimana retweeted
Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro @GeneralNeva, kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 27 Munyonyo 2026, yahaye umubonano mu ngoro iwe i Kiriri, Nyakwubahwa Xia Huang, intumwa idasanzwe y’Umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, @antonioguterres, ajejwe akarere k’ibiyaga binini.
Ibiganiro vyabo vyibanze ku bibazo bijanye n’intwaro ibereye, kurwanya igiturire hamwe n’imyiteguro y’amatora agiye kuba mu Burundi mu mwaka uza.
Ku bijanye n’umutekano muke urangwa mu buseruko bwa Repuburika Iharanira Demokarasi ya Kongo (#RDC), iyo Ntumwa idasanzwe yongeye kwemeza ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryiyemeje gushigikira utwigoro dutangwa na Afirika two kurondera amahoro n’Umutekano birama muri ico gihugu hamwe n’ugukorana neza mu karere k’ibiyaga binini.
Jean-Claude Nshimirimana retweeted
Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, akaba Umukuru w’Umuryango w’Ubumwe bwa Afirika, Umukuru w’Inama nkuru y’inararibonye z’umugambwe CNDD-FDD, akaba kandi n’umukandida w’uwo mugambwe mu matora y’Umukuru w’igihugu yo mu 2027, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 26 Munyonyo 2026, yarifatanije n’abagumyabanga bo mu gisagara ca Bujumbura, mu ngoro nkuru y’uwo mugambwe CNDD-FDD, mu masengesho yahuza amadini atandukanye, ategurwa buri wa kane wa nyuma w’ukwezi.
Mu butumwa yashikirije, yarahumurije abagumyabanga, yerekana ko intambwe igihugu kimaze gutera mu nzira y’iterambere ari nziza cane. Ariko rero, yaragaye ingendo ya bamwe mu ncabwenge, aho gukoresha ubumenyi bwabo mu guteza imbere ubutunzi bw’igihugu, bahitamwo kuvuga amajambo aca intege gusa, akazazanisha abenegihugu, mu gihe bo bungukira muri ivyo binyoma bakwiragiza.
Yaraneguye kandi ivyiyumviro bishikirizwa na bamwe mu bahora bafatwa nk’incabwenge b’inararibonye, aho bahitamwo kuzibira amaso, bakakuguma bidoga , birengagiza ivyiza bimaze gushikwako mu mice itandukanye y’iterambere, canecane mu gisata c’umuyagankuba, aho ubushobozi bwo kuwuhingura bwongerejwe incuro zine kuva mu mwaka wa 2020, ariko bobo bakavuga ko ata na kimwe cakozwe.
Mu kurangiza, Umukuru w’igihugu yarahimirije indongozi z’amadini kurangura neza ubutumwa n'amabanga yazo nk’abarongozi mu vy’impwemu, mu guhanura indongozi za poritike,bagatunganya amasengesho akomeza ukwemera kw’abayoboke babo ataho bahengamiye, no gukomeza gukundisha abanyagihugu imico n'akaranga vyo gukora, biciye mu nyigisho zituma umwe wese agira ico aterereye mw’iterambere ry’igihugu.
Jean-Claude Nshimirimana retweeted
Aux Côtés du Président de la République du Burundi et Président en exercice de l’Union Africaine SE Evariste Ndayishimiye @GeneraNeva, la Première Dame, SE Angeline Ndayishimiye @Burundi1stLady, a pris part, ce mercredi 25 novembre 2026, à Tanger, au Royaume du Maroc, à la cérémonie officielle d’ouverture de la 18ᵉ édition du Forum international MEDays, placée sous le thème : « Monde fragmenté : le temps des choix ».
À cette occasion, le Chef de l’État a reçu le Grand Prix MEDAYS 2026, décerné par l’Institut Amadeus, en reconnaissance de son engagement en faveur de la paix, de la stabilité et de la coopération entre les nations.
Jean-Claude Nshimirimana retweeted
Le Président de la République du #Burundi, Son Excellence @GeneralNeva, a reçu en audience, ce vendredi 27 novembre 2026, au Palais de Kiriri, M. Xia Huang, Envoyé spécial du Secrétaire général des Nations Unies @antonioguterres pour la Région des Grands Lacs.
Leurs échanges ont porté sur les questions de gouvernance, la lutte contre la corruption ainsi que les préparatifs des prochaines élections au Burundi.
Concernant la situation sécuritaire dans l’Est de la #RDC, l’Envoyé spécial a réaffirmé l’engagement des Nations Unies à soutenir la primauté des initiatives africaines dans la recherche de solutions durables aux conflits, en faveur de la paix, de la stabilité et de la coopération dans la Région des Grands Lacs.
Jean-Claude Nshimirimana retweeted
Ndakeje abemerewe kwitoza n'umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI. Ni vyiza ko Abarundi baronka benshi bitoza bakihitiramwo uwubarongora.
Nditeguye ko tuzohiganwa mu muvukano.
Jean-Claude Nshimirimana retweeted
La Première Dame SE @Burundi1stLady s’est jointe, ce 27.11.2026, aux chrétiens de l’Église du Rocher, à l’occasion d’une croisade de réveil placée sous le thème : « La Seconde Gloire ».
Dans son allocution, la Première Dame a indiqué que sa participation à cette croisade avait pour principal objectif de rendre grâce à Dieu pour ses bienfaits dans sa vie
De son côté, l’Église du Rocher a exprimé sa profonde gratitude à l’endroit de la famille présidentielle pour cette marque de proximité et de communion fraternelle. Elle a également formulé des prières et des vœux de bénédiction à son intention
#Burundi Amasengesho mpuzamadini yo gukengurukira Imana asozera ukwezi kwa Munyonyo 2026 yabaye mu gihugu cose, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 26 Munyonyo, mu ngoro z’Umugambwe CNDD-FDD.
Ku rwego rw’igihugu, ayo masengesho yabereye mu ngoro nkuru y’umugambwe iri mu Ngagara, akaba yatewe iteka na Nyenicubahiro @GeneralNeva, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi akaba n’Umukuru w’Inama Nkuru y’Inararibonye, ari kumwe n’Icegera c’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD, Umukenguzamateka Cyriaque Nshimirimana, hamwe n’abagumyabanga isinzi.
Ayo masengesho yari afise icivugo kigira giti: « Mumenye yuko Uhoraho Imana yanyu ari yo Mana, ni Imana yo kwizigirwa », ijambo ry’urufatiro: Kuvayo 6:6-12.
Mu majambo yashikirije abagumyabanga, Umukuru w’Igihugu yasavye abagumyabanga kugumiza umutima ku Mana, kuko ari yo yama irinda kandi igashigikira Abarundi no mu bihe bigoye.
Yibukije ko Uburundi bwagiye buraca mu bihe vy’ingorane bivuye ku ndongozi mbi zo muri kahise, ariko ko hari Intwari zemeye kwitanga kugira igihugu kironke inzira y’ugukira.
Yasavye Abagumyabanga kudasamara no kutanjajwa ku ntambwe zidasanzwe igihugu kigezeko. Ku bijanye na bamwe bamwe bihebuzwa n’ingoga n’ibigeragezo, Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yabahumurije, amenyesha ko iterambere ry’igihugu ari urugendo rusaba umwanya, inguvu n’ugukorera hamwe. Yibukije ko igihugu kidashobora gutera imbere umusi umwe, ahubwo ko bisaba ko abenegihugu bose bagira uruhara mu kugikorera babikunze kandi bafise umutima wo kugiteza imbere.
Mu gihe Uburundi bwimirije amatora, yasavye Abarundi kugaba ntibagwe mu mitego y’aboshobora guhungabanya ayo matora. Yasavye kandi abagumyabanga kwitwararika ibikorwa biteza imbere igihugu, bakirinda guca abandi intege canke gucika intege ubwabo.
Yibukije kandi ko Imana yibutse Uburundi, ikaburonsa izina mu makungu ari co gituma n’ubu buguma buvugwa bwongera buterwa iteka.
Mu gusozera, yasavye abagumyabanga kurwanya ikibi aho coturuka hose no kwama baba umuco n’akarorero keza mu kibano babayemwo.
Ayo masengesho mpuzamadini akaba yabaye akaryo ko gukengurukira Imana ku vyiza yakoreye igihugu, gusabira Uburundi no kuyiragiza ibikorwa vyo mu kwezi kwa Kigarama. #Tsinda2027
Jean-Claude Nshimirimana retweeted
Ce 26 novembre 2026, le Chef de l’Etat burundais et Président en exercice de l' @_AfricanUnion S.E. @GeneralNeva, accompagné de la Première Dame, S.E. @Burundi1stLady, est de retour au pays après une mission qui l’a conduit en République Fédérale Démocratique d’Éthiopie et au Royaume du Maroc.
A Addis-Abeba, il a pris part à la 5ème Conférence Internationale sur la santé publique en Afrique, tandis qu’au Maroc, il a participé aux travaux de la 18ᵉ édition du Forum Mondial MEDays.
Cette mission a été couronnée par deux distinctions majeures décernées au Chef de l’Etat burundais et Président en exercice de l' @_AfricanUnion: la première à Addis-Abeba, en reconnaissance de son engagement pour la transformation des systèmes de santé en Afrique, et la seconde au Maroc, où l’Institut Amadeus lui a attribué le Grand Prix MEDays 2026 pour son leadership en matière de paix, de stabilité et de coopération entre les nations.
Jean-Claude Nshimirimana retweeted
Urumuri rw'amahoro mu makomine ya #Kiremba na #Kirundo intara ya @PButanyerera rwaramurikiye ibikorwa vyo gusiga isima mu nyubakwa ikorerwamwo ibibazo n'ibindi kuri ECOFO Tuhata, hamwe no kwubakwa ubwugamo bw'iteka ku kibuga c'inkino citiriwe Ntare Rugamba facebook.com/reel/1003754859…
Jean-Claude Nshimirimana retweeted
Le Chef de l’État burundais, Président en exercice de l’Union africaine, Président du Conseil des Sages du CNDD-FDD et candidat de ce parti à l’élection présidentielle de 2027, Son Excellence Évariste Ndayishimiye, s’est joint, ce jeudi 26 novembre 2026, aux Bagumyabanga de Bujumbura, à la permanence nationale du parti, pour la prière œcuménique organisée chaque dernier jeudi du mois.
Dans son message, il a rassuré les Bagumyabanga en soulignant que les progrès accomplis sur la voie du développement sont bel et bien visibles. Il a néanmoins déploré l’attitude de certains intellectuels qui, au lieu de mettre leurs connaissances au service de la valorisation des ressources nationales, tiennent des discours décourageants qui désorientent la population, tout en tirant profit des mensonges qu’ils véhiculent.
Revenant sur les critiques de certains intellectuels autrefois considérés comme des sages, il leur a reproché de se complaire dans les lamentations et de fermer les yeux sur les réalisations enregistrées dans des secteurs essentiels, notamment celui de l’électricité, dont la capacité de production a été multipliée par quatre depuis 2020.
Le Président de la République a enfin exhorté les responsables religieux à assumer pleinement leur mission de guides spirituels, à conseiller les dirigeants politiques, à organiser des prières qui raffermissent la foi des fidèles, sans parti pris et à promouvoir, à travers leurs enseignements, la culture du travail et la contribution de chacun au développement du pays.
Jean-Claude Nshimirimana retweeted
Umukuru w'igihugu c'U #Burundi Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yaganutse ari kumwe n'Umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro
@Burundi1stLady , kuri uyu wa 26 Munyonyo 2026, avuye m'urugendo yahora mwo muri #Ethiopie no muri #Maroc.
Mu gisagara ca Addis-Abeba, yitavye inama mpuzamakungu igira gatanu kuvyerekeye amagara y'abantu muri Afrika. Mu Bwami bwa #Maroc naho, yari mu bikorwa vy'ihuriro rigira 18 MEDays.
Urwo rugendo rwabaye ngirakamaro kuko yaranaharonkeye n'udushimwe tubiri dukomeye, aka mbere i Addis-Abeba, kubera yakoze ibihambaye mu guteza imbere ibijanye n'amagara y'abantu, akakabiri nako muri #Maroc aho ikigo AMADEUS camuhaye agashimwe gakuru MEDays 2026, kubera uburongozi bwiwe mu kugarukana amahoro n'umutekano no mu migenderanire n'ibindi bihugu.
Jean-Claude Nshimirimana retweeted
Nyenicubahiro @GeneralNeva, ku wa gatatu igenekerezo rya 25 Munyonyo 2026, yarateye iteka ibirori vyo kwugurura icese Ihuriro Mpuzamakungu MEDays ryatunganijwe ku ncuro ya 18 rikaba ryabereye i Tanger, mu Bwami bwa Maroke ku civugo kivuga giti: «Isi iciyemwo ibice: igihe co gufata ingingo».
Muri ivyo birori, Umukuru w’igihugu yarashikirijwe icese agashimwe k’iteka kitiriwe « Grand Prix MEDays 2026 », kateguwe n’Ikigo Amadeus, mu ntumbero yo kumushimira ku ruhara agira mu guteza imbere amahoro, umutekano n’ugufashanya hagati y’ibihugu.
Umukuru w’igihugu yarakiriye ako gashimwe, arashimira cane uwatanguje Ikigo Amadeus hamwe n’abo bakorana, aranabashimira kandi kw’izina ry’Abarundi bose.
Jean-Claude Nshimirimana retweeted
Mu rugendo yarimwo mu gihugu ca Maroke, Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro @GeneralNeva, yaragendeye kuri uwu wa 25 Munyonyo ikivuko ca Tanger Med, kikaba ari kimwe mu bivuko bihambaye kw’isi mu bijanye no gutwara ibidandazwa biciye mu mazi no kubishikana iyo bigenewe.
Urwo rugendo rwamuhaye akaryo ko kwihweza ibikoresho n'inyubakwa vy'ico kivuko, ubushobozi gifise mu kurangura ibikorwa vyaco hamwe n'uruhara gifise mu bucuruzi hagati ya Afirika, Uburaya n'ibindi bice vy'isi.
Umukuru w'igihugu c'Uburundi yarakiriwe yongera aherekezwa n'Umukuru ajejwe ico kivuko, Nyakwubahwa Kamal Lakhmass. Yararonkejwe insiguro iramvuye ku kuntu ico kivuko gikora, ivyiza kimaze gushikako, imigambi gifise yo kwagura ibikorwa vyaco, hamwe n'ibituma gishobora guhiganwa n'ibindi bivuko vyo kw'isi.
Muri iyo nsiguro, haravuzwe ko ikivuko ca Tanger Med gifise ibice bine vyakira kandi bigakurikirana ibidandazwa biri mu makarato (terminaux à conteneurs), ikindi gice cihariye mu kwakira no gutwara ibitoro, ibibanza vyakira ibidandazwa bitandukanye, imiduga, hamwe n'ikivuko cihariye ku bwato butwara abantu be n’ubutwara ubundi bwato. Izo nyubakwa zose ziri ku buringanire bungana n'amahegitari hafi 1.000, kandi ico kivuko gifise amabarabara asanzwe, inzira z’amatereni hamwe n'amabarabara manini manini agerekeranye agihuza n'ibindi bice vy'igihugu.
Umukuru w'Igihugu Nyenicubahiro @GeneralNeva yarasobanuriwe kandi ibidandazwa bitandukanye bica muri ico kivuko. Muri vyo, harimwo ibidandazwa biva mu nganda, ibiva mu burimyi n'ubworozi, imiduga, ibitoro, ibikoresho vy'ibanze bikoreshwa mu mahinguriro hamwe n'ibindi bidandazwa vyinshi bitwarwa mu bisandugu binini cane vy’ivyuma (conteneurs). Ivyo bikorwa bituma Tanger Med iba ikibanza gihambaye mu kwinjiza, gusohora no guhanahana ibidandazwa biva mu bihugu bitandukanye.
Ku bijanye n'ubutunzi, umuyobozi w'ico kivuko, Nyakwubahwa Kamal Lakhmass, yarashimye cane uruhara rukomeye Tanger Med ifise mu butunzi bw'igihugu, avuga ko ibikorwa vyaho bitanga urugero rungana n'ibice 15 kw'ijana vy'umwimbu wose w'igihugu (PIB) ca Maroke. Yarerekanye kandi iterambere ry'igisata c'amahinguriro akora imodokaa muri ico gihugu. Nk'uko vyasiguriwe Umukuru w'Igihugu, ayo mahinguriro arashobora gusohora imodoka imwe mu masegonda 30. Ivyo vyerekana umwimbu w’imitahe yashizwe mu nyubakwo, mu buhinga bwo gutegekanya no gutunganya ibikoresho, mu bijanye no guteza imbere amahinguriro, ugukorana neza mu bikorwa vy'ikivuko n'iterambere ry'amahinguriro yo muri ubwo Bwami bwa Maroke.
Ku bijanye n'ubushobozi mu mwaka w’2025, ico kivuko ca Tanger Med carakiriye congera kirungika ibidandazwa biri mu bisadugu vy’ivyuma binini cane birenga imiliyoni 11,1. Kiza imbere mu bindi bivuko vyo muri Afirika no mu karere ka Mediterane mu bijanye n'ubwinshi bw'ivyo bisandugu bihaca, kikaba kandi kiri mu bivuko 20 vya mbere kw'isi mu bijanye n’ivyo bikorwa. Kirazwi kandi ku buryo kirangura neza ibikorwa vyaco no ku bushobozi gifise bwo kwakira amashirahamwe mpuzamakungu akomeye akora ivy'ubwato butwara ibidandazwa.
Aho ico kivuko giherereye ni kimwe mu bintu bikomeye bituma gitera imbere. Giherereye hafi y'Umuhora wa Gibraltar, hahurira inzira zikomeye z'ubwato zihuza ibahari Atlantike n'inyanja Mediterane. Gishobora kurungika ibidandazwa mu bivuko 180 biri mu bihugu 70. Ivyo bituma kiba inzira ihambaye yo kwinjiza no gusohora ibidandazwa mu bucuruzi mpuzamakungu.
Urwo rugendo rwarahaye kandi Umukuru w'Igihugu c'Uburundi akaryo ko kwihweza inyubakwa z'ico kivuko n'akarere kadasanzwe giherereyemwo. Ari aho, yarashoboye kubona neza umuhora wa Gibraltar hamwe n'inkengera z'igihugu ca Esupanye, kiboneka hakurya y'amazi. Ivyo bikerekana ukuntu Afirika n'Uburaya vyegeranye, hamwe n'uruhara rukomeye iyo nzira yo mu mazi ifise mu guteza imbere imigenderanire n'ubudandaji hagati y'iyo migabane ibiri.
Urwo rugendo rwafashije rero Umukuru w'Igihugu gutahura neza uburambe n'ubumenyi Maroke imaze kugerako mu guteza imbere inyubakwo z'ibivuko, gutunganya neza ibikorwa vyo gutwara ibidandazwa, kwiyegereza amasoko mpuzamakungu no kworohereza uruja n'uruza rw'ibidandazwa. Ivyo vyose ni ibintu bihambaye mu migambi yo guteza imbere ubutunzi no gukomeza ugufashanya hagati y'ibihugu vyo mu karere.
Grand prix MEDays 2026 à S.E.
@GeneralNeva 🇧🇮 une reconnaissance qui s'inscrit ds la vocation du Forum: Promouvoir le dialogue entre les Nations, valoriser des initiatives diplomatiques et contribuer à une meilleure représentation des pays du sud ds les débats internationaux.
MEDays 2026: Burundi President Evariste #Ndayishimye advocates for an Africa that transforms its resources and takes control of its own future
#ProudBurundi 🇧🇮
72
Jean-Claude Nshimirimana retweeted
Le Chef de l’État, Félix-Antoine Tshisekedi, a reçu ce mercredi, à la Cité de l’Union africaine, le ministre burundais des Ressources minières, énergétiques, de l’Industrie, du Commerce et du Tourisme, le Dr Hassan Kibeya, émissaire du Président du Burundi, Évariste Ndayishimiye.
Les échanges ont porté sur le renforcement de la coopération économique entre la RDC et le Burundi, notamment dans les secteurs des mines, de l’énergie et du commerce.
À l’issue de l’audience, le Dr Hassan Kibeya a souligné la volonté des deux pays de bâtir « un partenariat mutuellement avantageux et de promouvoir des projets créateurs de richesses au bénéfice des populations de la RDC et du Burundi ».
Jean-Claude Nshimirimana retweeted
Au Maroc, Son Excellence Évariste Ndayishimiye, a pris part, ce mercredi 25 novembre 2026, à Tanger, dans le royaume du Maroc, à la cérémonie officielle d’ouverture de la 18ᵉ édition du Forum international MEDays, organisée sous le thème : « Monde fragmenté : le temps des choix ».
À cette occasion, le Chef de l’État a reçu le Grand Prix MEDAYS 2026, décerné par l’Institut Amadeus, en reconnaissance de son engagement en faveur de la paix, de la stabilité et de la coopération entre les nations. Il a accueilli cette distinction avec humilité, exprimant sa profonde gratitude au Président fondateur de l’Institut Amadeus et à son équipe, au nom également du peuple burundais.
Jean-Claude Nshimirimana retweeted
MEDays 2026 : Ndayishimiye plaide pour une Afrique qui transforme ses ressources et maîtrise son avenir fr.apanews.net/diplomacy/med…
Jean-Claude Nshimirimana retweeted
L’Institut Amadeus vient de décerner le Grand Prix MEDays 2026 à SE @GeneralNeva, Président du Burundi et Président en exercice de l’@_AfricanUnion en signe de reconnaissance pour sa contribution aux efforts de paix en Afrique. The time of strategic choices for Africa is now.

















































































































